abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Youssuf Ndayishimiye ku rutonde rw’abakinyi FIFA yakeje

  1. Umukinyi Ndayishimiye Youssuf Nyange abandanya avyitwaramwo neza.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 Gitugutu 2022 , yaraye ashizwe mu rutonde rw’abakinyi badugije amanota kurusha abandi ku mugabane wa Buraya muri FIFA 2023.

Ishirahamwe rya EA Sports FIFA ryaraye rishize ahabona urutonde rw’abakinyi 23 badugije amanota mu mpera z’indwi irangiye muri FIFA 2023 harimwo amazina y’abakinyi bakomeye nka Neymar , Tonny Kross , Leroy Sane , Nicolo Barela , Dusana Vahlovic n’abandi .

Aba nibo bakinyi 23 batowe harimwo Umurundi Ndayishimiye Youssuf Nyange

Kuri urwo rutonde Ndayishimiye Youssuf yaronse amanota 79:

– Ku bijanye n’ubunyarutsi bwiwe ( Vitesse) bamuhaye amanota 82

– Ku bijanye n’imipira atera y’amashuti ( Les Tirs , Shoot) afise amanota 55

– Ku bijanye no gutanga neza imipira igashika ( Les passes) afise amanota 72

– Ku cerekeye gucenga neza ( Dribble) afise amanota 78

– Ku bijanye no kwugarira (Défense) afise amanota 79

– Kucerekeye inguvu z’umubiri wiwe ( Physique ) afise amanora 83

Ku bantu bipfuza kumenya icarico FIFA Ultimate Team yatanze ayo manota, mu majambo make, FIFA Ultimate Team ni umukino ukinwa n’abakunzi b’umupira w’amaguru biciye ku buhinga ngurukanabumenyi canke ku mboneshakure, mu rurimi rw’igifaransa bikitwa Jeux Video , urwo rukino rwatangujwe mu mwaka wa 1993 n’ishirahamwe ry’abanyamerika ryitwa Electronic- Arts ( EA) aho buri mwaka hasohoka ubuhinga bushasha bw’urwo rukino hamwe n’amanota y’abakinyi atangwa bivanye n’ukuntu bariko baritwara mu migwi yabo ikina mu mahiganwa akomeye yo kw’isi .

Mwomenyako Ndayishimiye Youssuf Nyange abandanya yitwara neza muri Istanbul Basaksehir aho ku rukino ruheruka yashoboye kwinjiza ibitsindo bibiri wenyene .

#Sports257

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123