BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Monia yacagujwe iyo azosohora vuba

Indirimbo nshasha ya Monia Fleur igiye gukorerwa amasanamu, canke igiye gushirwa ahabona ishobora kuba “Mon bébé”.

Akoresheje urubuga rwa Instagram, mu gice ca Story, Monia Fleur yacaguje abamukurikirana kuri urwo rubuga rukurikirwa n’abarenga 30,000 ngo bamuhitiremwo indirimbo yoshirira ahabona amasanamu.

Uwo muririmvyikazi akaba yerekanye indirimbo 2 arizo BAIGOLO hamwe na Mon bébé, noneho batangura gucagura kugira hamenyekanye iyo bahisemwo.

N’aho tutarabasha kumenya igitigiri c’abatoye, ariko 66% b’abatoye bakaba bamaze gutora Mon bébé ngo abe ariyo ikurikira, mu gihe 34% bo bahisemwo BAIGOLO.

Mukibuka ko iyo aheruka gusohora ari “Pharaoh” imaze kurabwa n’abarenga 220,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube, ikaba imaze ukwezi isohotse.

Kandi iyo abarizwa mu gihugu ca Kenya, amakuru ahari ni uko yajanywe n’ugukora ibikorwa vy’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 598