abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports| Derick Mbombozi yaraye atowe nk’umukinyi mwiza yaranze urukino

Umukinyi w’intamba mu rugamba Derick Mkombozi  yaraye atowe nk’umukinyi yaranze urukino muri Zambia.

Hari ku musi w’Imana igenekerezo rya 23 Gitugutu 2022, aho umugwi Nkana Fc usanzwe ukinamwo myugariro w’intamba mu rugamba Derick Mkombozi wari wakiriwe na Prisom Leopard mu rukino rw’indwi igira 9 mw’ihiganwa ryo muri Zambia, urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganije 0-0.

Inyuma y’urwo rukino myugariro w’intamba mu rugamba Derick Mkombozi yaciye atorwa nk’umukinyi yaranze urwo rukino kurusha abandi.

Agashimwe yahawe akaba ari Décodeur ya Go Tv hamwe na Terefone Smartphone iri mu bwoko bwa Samsung .

Mwomenyako Derick Mkombozi asanzwe ari nawe Kizigenza w’uwo mugwi wa Nkana Fc wo muri Zambia.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123