abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Nzigamasabo Styve yaraye afashije KMC gutsinda Azam Fc

Inyuma y’aho Mvuyekure Emanuel afashirije umugwi KMC gutsinda Mtibwa sugar mundwi iheze , Styve Nzigamasabo nawe nyene yaraye afashije uwo mugwi gutsinda Azam Fc .

Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 21 Gitugutu 2022 , aho ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania ( NBC Premier League) ryari ryabandanije kundwi igira 8 . Umugwi KMC wari wakiriye umugwi Azam Fc birangira KMC itsinze ibitsindo 2-1.

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Styve Nzigamasabo niwe yinjije igitsindo ca kabiri c’umugwi KMC .

Styve Nzigamasabo na mugenziwe w’umurundi Mvuyekure Emanuel bose barashoboye kuronka akaryo ko gutangura mu kubuga.

Mwomenyako KMC uri mu kibanza ca gatatu mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Tanzania n’amanota 13.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123