abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#IndundiSports| Frédéric Nsabiyumva yinjije igitsindo asubira atorwa nk’umukinyi yaranze urukino

Myugariro w’intamba mu rugamba Frédéric Nsabiyumva abandanya yigenza neza i Buraya mu gihugu ca Swede .

Uwo mukinyi Mpuzamakungu w’umurundi akina ku ruhande rw’inyuma Nsabiyumva Frédéric  niwe yashoboye kwinjiza igitsindo ca mbere mu bitsindo 4 kuri 1 umugwi wiwe wa Vasteras SKF watsinze umugwi wa Dalkurd FK mu rukino rw’indwi igira 28 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri mu gihigu ca Swede .

Inyuma y’urwo rukino Nsabiyumva Frédéric yaciye atorwa nk’umukinyi yaranze urukino ( Man Of The Match) ivyatumye aba umukinyi agira gatatu w’umurundi atorwa nk’umukinyi yaranze urukino inyuma ya Enock Nsabumukama hamwe na Dérick Mkombozi.

Mwomenya y’uko ico gitsindo yinjije ari igitsindo ciwe kigira kabiri yinjije mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri muri Swede inyuma yo kugurwa mu mugwi wa Vasteras SKF.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 265