abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#IndundiSports| Nsabumukama Enock yatsinze igitsindo atorwa nk’umukinyi yaranze urukino

Umukinyi w’umurundi w’intamba mu rugamba Nsabumukama Enock yaraye afashije Napsa Stars gutsinda Kabwe Worriors.

Hari igenekerezo rya 15 Gitugutu 2022 , aho umugwi Napsa Stars wari wakiriye umugwi wa Kabwe Worriors mu rukino rw’ihiganwa rw’indwi igira 9 muri Zambia, urwo rukino rwarangiye ari igitsindo 1 ca Napsa Stars ku busa bwa Kabwe Worriors , ico gitsindo kikaba cinjijwe na Nsabumukama Enock ku munota wa 69 inyuma y’uko yari yinjiye agomboye ku munota wa 45.

Inyuma y’urukino Enock Nsabumukama yaciye atorwa nk’umukinyi yaranze urwo rukino aranahabwa n’agashimwe .

Mwomenyako uwo mugwi waduze mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri uno mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123