abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#IndundiSports| Ng’aya amasezerano FFB yagiraniye na Errea izohora yambika Intamba mu rugamba

Mu rugendo Général  de Brigade de Police Muyenge Alexandre arongoye  FFB amaze imisi arimwo ku mugabane wa Buraya ari kumwe n’uwutwara igisata c’ubutunzi muri iryo shirahamwe Honorable Dénis Karera na Manager w’Intamba mu rugamba , rwaraye ruvyaye amasezerano hagati ya FFB n’ishirahamwe ryambika imigwi ryo mu Butariano Errea.

Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre yabwiye indundi Sports y’uko bashoboye gushira umukono ku masezerano y’imyaka itatu  yo kuza barambikwa n’iryo shirahamwe Errea.

Mwomenya ko iryo shirahamwe risanzwe ariryo ryari ryatsindiye isoko ryo kwambika umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba,  ariko ntihari bwabe amasezerano nyezina hagati yayo mashirahamwe abiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123