abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#IndundiSports| Saidi Ntibazonkiza yaraye afashije Geita Gold gutsinda Ruvu Shotting

Saido Ntibazonkiza yasubiye itoto mu gihugu ca Tanzania inyuma yo kugurwa na Geita Gold .

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Gitugutu 2022 aho umugwi Geita Gold ukinamwo Saidi Ntibazonkiza na Arakaza Mac Arthur wari wakiriye umugwi Ruvu Shotting mu rukino rw’indwi igira 9 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Tanzania ( NBC Premier League ), urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi Geita Gold utsinze Ruvu Shotting ibitsindo 2-1.

Saidi Ntibazonkiza niwe yatanze umupira uvyara igitsindo ca mbere asubira kandi atsinda igitsindo ca kabiri.

Yaha Arakaza Mac Arthur canke Saidi Ntibazonkiza bose baratanguye urukino ndetse baranarurangiza.

Mwomenya ko ico ari igitsindo ca kabiri ca Saidi Ntibazonkiza yinjije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123