footballkirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Richard Kaderi yashimiwe na Gén Major ildéphonse wa Olympic Stars

Umugwizatuga Richard Kaderi wo mu ntara ya Muyinga niwe yashimiwe n’uwurongoye umugwi Olympic Star w’Imuyinga, Général Major Ildéphonse Habarurema.

 

Agashimwe yahawe kakaba arako kumushimira kubora ishirahamwe ryiwe rya APROSAN ryarafashije ibitari bike mu guterera umugwi Olympic mw’ihiganwa rya Primus League ryo muri uno mwaka

Aho akaba hari igenekerezo rya 16 Gitugutu 2022 igihe umugwi Olympic Star wagomba wakire umugwi Elaga Top Junior mu rukino rw’ihiganwa rya Primus League .

Agashimwe mwenako ntikahawe Richard Kaderi wenyene n’uwusanzwe afise Ishirahamwe rikora  ivyapa(bâche)ryitwa EMSI. Ntakarutimana Gilbert nawe nyene yaronkejwe agashimwe mwenako .

Uwundi yari yahawe agashimwe ubwa mbere ni umurongozi wa MEMENTO Said Niyongabo akaba afashe kubijanye no kwunguruza abakinyi kuvyerekeye ingendo zose baba bakoze .

Mwomenyako umugwizatunga Kaderi Richard ari mubagwizatunga bagize ico baterera mu ntumbero yo kwubaka ikibuga gishasha citiriwe Intwari .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 120