abakinyi bakina hanzeBasketballkirundi_Sports

#IndundiSports| Basketball : Umugwi Young Sisters waraye utahukanye igikombe ca Legacy Tournament mu Rwanda

Umugwi wa Basketball w’abigeme wa hano iwacu Young Sisters waraye utahukanye igikombe ca Legacy Tournament mu gihugu c’Urwanda.

Mu rukino rwa nyuma rwabaye igenekerezo rya 29 Gitugutu 2022, Young Sistes watsinze IPRC w’i Huye ku manota 62 kuri 58

Umukinyi w’umurundikazi wa Young Sisters Niyonkuru Elsa niwe yinjije amanota menshi gusumba abandi kuko yinjije amanota 15 wenyene agira n’ama rebond ashika kuri 10.

Mwomenyako mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma Young Sisters wari wirahiye wonderful Basketball Club mu kuwutsinda amanota 63 kuri 46.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 114