kirundi_Sports

#IndundiSports| Handball-18: Uburundi bwatahukanye igikombe co mu karere ka Africa y’ubuseruko

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 29 Gitugutu mu gihugu ca Kenya aho umugwi nserukira gihugu wa Handball w’abatarenza imyaka 18 watahukana igikombe co mu karere ka Africa y’ubuseruko utsinze igihugu c’Urwanda ku manota 40 kuri 37.

Abo basore b’intamba mu rugamba ntibigeze batakaza n’urukino na rumwe muri iryo higanwa , mbere ukaba ari nawo waronse amahirwe yo gukina igikombe c’isi c’abatarenza imyaka 18 kizobera mu gihugu ca Croatie mu mwaka w’i 2023.

Ku mugwi w’abatarenza imyaka 20 bobo barashoboye gufata ikibanza ca 4 inyuma yo gutakaza ikibanza ca 3 mu rukino rwari rwabahuje na Ethiopia.

Uburundi bukaba bufata ikibanza ca mbere muri Africa y’ubuseruko mu rukino rwa Handball rw’abatarenza imyaka 18.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 95