abakinyi bakina hanzeBasketballkirundi_Sports

#IndundiSports| Urunani rugiye muri Elite 16 rudatsinzwe na rimwe muri Road To Bal

Umugwi wa Basketball Urunani waraye wandikishije amateka mu gukatisha itike yo kuja mu nkino za Elite 16 udatakaje urukino na rumwe mu nkino za Road To Ball zariko zibera mu gihigu ca Tanzania.

Urunani urukino rwa mbere rwatsinze umugwi ABC wo mu gihugu ca Tanzania ku manota 70 kuri 45, urukino rugira kabiri rwatsinze umugwi City oilers wo mu Buganda ku manota 64 kuri 58, mugihe urukino rugira gatatu Urunani rwaraye rutsinze Materi  Magic wo muri Zambia ku manota  72 kuri 53.

Urunani rwaciye rurangiza iryo higanwa rya Road To Ball ruri mu kibanza ca mbere mbere ruca ruronka n’uburenganzira bwo kuzokwitabira inkino za Elite 16 zizobera muri Africa y’epfo mu kwezi kwa Munyonyo 2022 buca dutangura.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 116