abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports |Bigirimana Abedi na Ismail Pichou nibo bafashije Kiyovu Sports gutsinda Musanze Fc

Abakinyi b’abarundi babandanya bigenza neza mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’urwanda .

Mu mpera z’indwi yaraye iheze , ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu Rwanda ryari ryabandanije kundwi igira 7 aho umugwi Kiyovu Sports ukinamwo abarundi batatu wari wakiriye umugwi wa Musanze Fc birangira Kiyovu Sports yirahiye uwo mugwi ibitsindo 3-0.

Muri ivyo bitsindo bitatu Kiyovu Sports yinjije umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Nshimirimana Ismail Pitchou yinjije igitsindo ca kabiri mugihe Bigirimana Abedi yinjije igitsindo ca Gatatu .

Kiyovu Sports ikaba iri mu kibanza ca mbere vy’imfatakibanza mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda n’amanota 16 mu nkino 7 imaze gukina .

Mwomenyako na Bizimana Amissi asanzwe ari umukinyi w’intamba mu rugamba akina muri uwo mugwi Kiyovu Sports nawe nyene yari mu bakinyi batanguye mu kibuya muri urwo rukino .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123