abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ndayishimiye youssuf igitangaza c’umukinyi w’umurundi muri Turquie

Umukinyi winyuma w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf abandanya yigenza neza mu gihugu ca Turquie .

 

kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 31 Gitugutu 2022 , umugwi Istanbul Basaksehir wari kiriye umugwi Gerisunspor mu rukino rw’indwi igira 12 mw’ihiganwa rikuru ryo muri Turquie Superlig.

Urwo rukino rwarangiye Istanbul Basaksehir itsinze Gerisunspor ibitsindo 3-1.

Youssuf Ndayishimiye igitangaza c’umukinyi w’umurundi kandi kibandanya kivyitwaramwo neza , niwe yinjije igitsindo ca mbere ku ruhande rw’umugwi Istanbul Basaksehir ku munota wa 38’ kikaba caciye kiba igitsindo ciwe ca 3 atsinze mw’ihiganwa ryo muri uno mwaka .

Mwomenyako Ndayishimiye Youssuf mu misi iyeze yari yashizee mu rutonde rw’abakinyi 11 beza babanya Africa bavyitwayemwo nez mu mwaka uheze .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 123