abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | Tchabalala ntararonka uwumuhagarika mu gihugu c’Urwanda

 

 

Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala yaraye afashije As Kigali gutsinda Gasogi United.

Hari mu mpera z’indwi yaraye irangiye aho umugwi As Kigali usanzwe ukinamwo abakinyi babiri b’abarundi aribo Hussein Shabani Tchabalala hamwe na Ndikumana Landry wari wakinye urukino rw’ikirarane rw’indwi igira 4 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’urwanda , urwo rukino rwarangiye As Kigali ariyo itahukanye amanota 3 inyuma y’igitsindo co kumunota wa 63 w’urukino cinjijwe na Tchabalala .

Tchabalala akaba yaciye afata ikibanza ca mbere mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi kuko mu nkino 4 amaze gukina, amaze kwinjiza ibitsindo 4 .

Mwomenyako As Kigali ifise ibirarane vy’inkino zishika kuri 3 bivanye n’uko wahora mu nkino za CAF Confédération Cup.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 94