BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kiki Toure umwami wa Karaoke i Kigali

Uwuvuze ko Kiki Toure yari umwami wa Karaoke I Kigali ntaba abeshe, kuko Kiki ari umwe mu baririmvyi ba karaoke b’abarundi imbere Covid-19 yari rutumwako mu bikorwa bitandukanye i Kigali.

Uwo mwami rero agiye gusubira Kandi kuryohera abafana biwe babarizwa i Kigali, nkuko twabashije kubibona ku mbuga ngurikanabumenyi asanzwe akoresha.

Kuri uyu wa Kane nkuko vyama I Kigali mu Kabare bita Fuchsia lounge gaherereye mi gace kitwa Remera, uwo muririmvyi azoteramisha abazoba bahari.

Nta wuzi ko agiye gusubira kuhakorera nkuko vyahora canke ari ako karyo gusa, kuko kuri Cover handitsweko ko ari igaruka rya Kiki Toure.

Mwomenya ko imbere ya COVID i Kigali imigwi y’abarundi bakora Karaoke aribo baza ku mwanya wa mbere w’abakunzwe muri uwo mwuga.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 597