Ibanki CRDB yifadikanije n’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi FEBABU , yatunganije ihiganwa ryiswe CRDB cup mu ntumbero yo kwigina isabukuru ry’imyaka 10 iyo Bank imaze iriko ikorera kubutaka bw’Uburundi.
Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 02 Munyonyo 2022 isaha cumi na zibiri zo kumugoroba ( 18h00) ku kibuga ca Département des Sports aho ibanki CRDB ryifadikanije na FEBABU batunganya ikiganiro kubanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo ku basigurira ko bagiye gutegura ihiganwa ryiswe CRDB Cup.
Mw’ijambo ryaraye rishikirijwe n’uwurongoye FEBABU Appôtre Jean Paul Manirakiza yashimiye cane ibanki rya CRBD kubona yiyumviye y’uko badashobora guhimbaza imyaka 10 bakora mu Burundi , batabanje gukorana na FEBABU mu kubanza kububakira ikibuga ca Basketball mu Ntara ya Ngozi abana b’Uburundi bakinirako, kandi gifise ishusho n’isura imeze neza, no gusubira gutunganya ihiganwa rya Basketball ryitiriwe CRDB CUP.
Uwari aserukiye ibanki CRDB nawe Rugema Arnaud wewe avugako bahisemwo gukorana na FEBABU kubera babona urugero Basketball iriko rushimishije aca ahava yemera y’uko bazobandanya bakorana binashobotse bagwize n’ubushimwe .
Iryo higanwa rizokwitabirwa n’imigwi icumi , ni ukuvuga 6 y’abahungu hamwe 4 y’abakobwa .
Iya bahungu ni iyi ikurikira:
– Dynamo
– New Star
– Remesha
-Les Hippos
– Urunani
-Gymkana
kuruhande rw’abigeme naho ni :
-Les Gazelles
– Young Sisters
– Messager Ngozi
– Gladiators
Umugwi uzotahukana ikibanza ca mbere uzohabwa imiriyoni zitanu z’amarundi ( 5.000.000 FB) , uwa kabiri uhabwe imiriyo 3 ( 3.000.000 FB) uwagatatu nawe uhabwe imiriyoni 2 ( 2.000.000 FB) uwa kane nawe ahabwe umuriyoni ( 1.000.000 FB).
Urukino rwa mbere ruzotangura kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 4 Munyonyo 2022 ku kibuga ca Département isaha cumi na zibiri n’igice zo kumugoroba ( 18h30) .
Ikirirangamisi kikaba kimeze uku gukurikira :
-ku musi wa Gatanu isaha 18h30 : New Star Vs Dynamo
– Ku musi wa Gatandatu isaha umunani 14h00: Gymkana Vs Les Hippos
– Ku musi w’Imana isaha 13h00 : Urunani Vs Remesha