BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Olegue mu ndirimbo yo gushimira Imana

Ku bakurikiranira hafi amakuru dutanga mu misi iheze twari twababwiye ko bivugwa ko Olegue yasubiye muri studio kubandanya ibikorwa ubona ko ariho yarakironka akaryo.

Iyo nkuru iheruka kwemezwa n’uwo muririmvyi nyene, mu kiyago yagiranye n’ikimenyamakuru Akeza.

Mu kiyago bagiranye Olegue yemeje ko ari muri Studio guheraheza ibikorwa vyiwe bishasha biri mu nzira.

Uwo muririmvyi muri ico kiyago yasavye abafana kumwizera kuko basanzwe bazi ko atigera abatetereza, ubu Kandi ngo azoza atandukanye n’uko bari bamumenyereyeko.

Uwo muririmvyi yabwiye Akeza ko iyi ndirimbo izosohoka imbere yuko umwaka uhera, ariko Kandi akaba avuga ko iyo ndirimbo izoba itambika kubera ibihe izoba isohokeyemwo.

Iyo ndirimbo Hampande y’ugutambika, Olegue yavuze ko izoba irimwo amashimwe ku Mana kuko yamutabaye.

Ntiharamenyekana ko izoba ifise amasanamu nkuko yabitumenyereje, ariko bikaba bishoboka kuko iyo ndirimbo izofata akanya kuko uku kwezi kwa 11 kwo gushobora kuyisiga itarasohoka.

Hampande y’amakuru yahaye ico kinyamakuru, uwo muririmvyi agize igihe asangiza abamukurikirana ku rubuga rwa Instagram amashusho atandukanye amwerekana Ari muri studio.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 590