Mu babaye hafi yacu bagakurikirana amakuru twagiye dutanga muri ino misi, twari twababwiye ko Indirimbo ya Double Jay na Kenny Sol iheruka gukwiza 1M Views ku rubuga rwa YouTube rw’umuririmvyi Kenny sol.
Ayandi makuru yabonetse nuko iyo ndirimbo ihagaze neza muri ino misi ku mbuga zisanzwe zigurisha umuziki mu gihugu c’Urwanda.
Ku rubuga rwa boomplay rukoreshwa cane muri Afrika mu kwumviriza umuziki, iyo ndirimbo iri mu Kibanza ca 6 mu ndirimbo zarondewe cane mu gitondo kuri uyu wa 2, ariko Kandi iyo ndirimbo iri mu Kibanza ca 12 mu ndirimbo 50 zakunzwe ku musi wa Mbere.
Iyo ndirimbo nyene iri mu Kibanza ca 12 nyene mu ndirimbo 100 zakunzwe muri ino ndwi twaraye turangije.
Iyi ndirimbo ikaba ari Indirimbo aba basore uko Ari 2 basangiye, itari iy’umwe muribo wenyene, uno musi ikaba imaze kurenzako incuro 100,000 kuri wa 1,000,000 twari twababwiye.