Basketballkirundi_Sports

# Indundi Sports | CRDB CUP: Dynamo yaraye itsinze New Star bigoranye Ku musi wambere w’ihiganwa

Ihiganwa rya CRDB Cup ryatunganijwe n’ibanki  CRDB ifadikanije na FEBABU ryaraye ritanguye .

Hari kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 04 Munyonyo 2022 isaha cumi na zibiri zo kumugoroba (18h00) ku kibuga département aho hari haramutse haba urukino rwa mbere rwa CRDB cup rwaraye ruhuje umugwi New Star hamwe na Dynamo . Urwo rukino rwarangiye Dynamo itsinze bigoranye amanota 64 kuri 61.

Urwo rukino rwaranzwe n’impari zitari nke cane cane ku bakinyi ba New Star, kuko batigeze bashima ingingo zagiye zifatwa n’abahagarikizi gushika aho basohora abakinyi mu kibuga ,nubwo bahavuye bigarura mu nyuma urukino rurabandanya.

Mwomenyako Ko muri urwo rukino harimwo umukinyi wa Dynamo yamuka muri Sènégal yakubise ingumu uwa New Star bica bituma akurwa mu kibuga.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 98