Umugwi w’intamba mu rugamba muri Handball w’abatarenza imyaka 18 waraye utsinze umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu batarenza imyaka 20 mu rukino rwa kivandimwe rwo kwigina igikombe co mukarere ka Africa y’ubuseruko cari catahukanywe n’intamba z’abatarenza imyaka 18 mu gihugu ca Kenya .
Intamba rero z’abatarenza imyaka 18 zatsinze Intamba z’abatarenza imyaka 20 bigoranye ku manota 40 kuri 39 .
Mwomenya ko Intamba z’abatarenza imyaka 18 zigiye gusubira kuzoserukira Uburundi mu nkino za Handball zizobera mu gihigu ca Guinée mu kwezi kwa Kigarama .