Ishirahamwe rya Karate ryo mu Burundi ryitwa Dragon Junior ryaraye rihimbaje umusi mukuru waho bakwije imyaka 25 rishinzwe .
Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 06 Munyonyo 2022 , isaha zitanu zo mugitondo (11h00) kuri Waliss Kinanira aho ishirahamwe rya Karate Dragon Junior ryari riramutse rihimbaza isabukuru ry’imyaka 25 rimaze rishinzwe ibirori vyatangujwe n’uwurongoye iryo shirahamwe Bizindavyi Richard , avuga ko urugero bagezeko rushimishije kuko hari abakinyi batari bake bamaze gusohora n’abandi bama batumwako mu mugwi nserukira gihugu wa Karate .
Abajijwe ikibazo co kutagira abakinyi benshi babigeme akaba yishiye ati’’ kuruhande rw’abigeme turagerageza kugira baboneke hari igihe baboneka , ariko bagaca babihagarika ni gake bakunda kuboneka nk’abahungu , barahari ariko si benshi tuboneyeho n’ akaryo ko guhamagarira abigeme mu kubabwira ko urukino rwa karate ari urukino rwiza boza kugerageza ‘’
Mwomenyako umwigeme umwe gusa ariwe yabonetse mu myimenyerezo y’urwo rukino rwa Karate .