Basketballkirundi_Sports

# Indundi Sports | CRDB CUP : Urunani rugiye guhura na Remesha

 

Umugwi w’urunani wari umaze imisi uriko userukira igihugu mu nkino za RoadtoBal uza guhura n’umugwi Remesha mu gikombe ca CRDB CUP.

 

Urwo rukino ruza kuba kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 08 Munyonyo 2022 isaha cumi na zibiri n’igice z’umugoroba 18h30 ku kibuga ca Département des Sports .

Urwo rukino rwashizwe kuri uno wa kabiri ku mvo z’uko umugwi Urunani wari wasevyeko wobanza ukaruhuka bivanye n’inkino za RoadTobal bari bamaze imisi bariko barakina mu gisagara ca Dar es Salaam .

Urunani rukaba rwaramaze gukatisha itike ryo kwitabira inkino za BAL Elite 16 aho zizotangura igenekerezo rya 22 gushika irya 27 Munyonyo 2022 i Johanesbourg muri Africa y’epfo.

Urunani rukaba ruri mu mugwi wa A urikumwe na Cape Town Tigers yo muri Africa y’epfo , NBA Academy Africa hamwe na KPA yo muri Kenya .

Mwomenya ko iryo higanwa CRDB CUP rizorangira ku musi w’Imana igenekerezo rya 13 Munyonyo 2022.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 98