Umukinyi w’umupira w’amaguru Michel Rashid yigeze gukinira umugwi Academy Tchite wa hano iwacu igihe wa umenyerezwa na Jimmy Ndayizeye yitavye Imana abanje kunirwa .
Hari ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 05 Munyonyo 2022 , niho umukinyi wa kera wa Ac Tchite yazimiye , bukeye bwaho baciye baronka inkuru ivuga ko ikiziga ciwe kiri mu buruhukiro bw’ibitaro Roi Khaled mu Kamenge .

Amakuru Indundi Sports yaronse kuwusanzwe avukana na Michel Rashid akaba ari n’umukinyi wa Kera wa Vital’o Fc Patient batazira Tchala , avuga ko umuhisi bamuheruka ku musi wa gatandatu aho yari agiye kunywera ku kabare bita Jardin du Peuple Murundi kari mu kigobe haruguru ya PAFE akaba yari kumwe n’umugenzi yitwa Kakao .
Ikiziga ca Michel Rashid nta gikomere gifise , mbere abantu batari bake bavuga ko yoba yishwe anizwe , bakaba bagisanze mu muferege hafi ya REGIDESO , hepfo ya Gard du Nord i Bujumbura.

Michel Rashid yari asanzwe ari umufundi akora intebe z’igisirimu muri kino gihe , yari yubatse , akaba n’umuvyeyi w’abana batatu .

Uwo Kakao bari kumwe uwo musi akaba aza kwumvirizwa n’abajejwe amatohoza kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 09 Munyonyo 2022.

Mwomenyako Rashid Michel yakiniye imigwi itari mike ya hano iwacu nka Jeca Regina mundi , Union Sporting , Royal Fc , Academy Tchite hamwe na Flambeau de l’Est.
Indundi Sports ikaba ihojeje Umuryango w’Umuhisi.