football

# Indundi Sports | Flambeau du Centre yasezerewe na DCMP muri Confédération Cup

Urugendo rw’umugwi Flambeau du centre wo mu ntara ya Gitega rwaraye rurangiye .

 

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 09 Munyonyo 2022 niho umugwi Daring Club Motemapembe ( DCMP) wari wakiriye umugwi Flambeau du Centre w’i Gitega mu rukino rwo gusubiriza rwa CAF Confédération Cup . urwo rukino rwarangiye DCMP itsinze Flambeau du Centre ibitsindo 2-1.

Urukino rwo gutangura Flambeau du Centre wari watsindiwe i Dar es Salaam ibitsindo 2 -0 .

Mu nkino zibiri zahuje iyo migwi umugwi Flambeau du Centre watsinzwe ibitsindo 4-1.

Flambeau du Centre ukaba ari nawo mugwi w’Uburundi wari wagerageje kurwana uko ushoboye kugira utere iteka Uburundi inyuma yaho Bumamuru  usezerewe mu mahiganwa ya CAF Champions League .

Mwomenya ko Flambeau du Centre witezwe kuzohura na Musongati Fc mu rukino rwa Primus League ruzoba ku musi wa Gatatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2022.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 81