football

# Indundi Sports | Ihiganwa ry’abigeme Lumitel Women’s League rigiye gutangura

Ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere kuruhande rw’abigeme mu Burundi Lumitel Women’s League rigiye gutangura .

 

Igenekerezo rya 12 Munyonyo 2022 ku ku kibuga  Saint Umuco isana zine zo mugitondo 10h , Umugwi Bon Avenir uzohura na Etoile M .

– Muri ayo masaha nyene ku kibuga St Urunani , Umugwi Lea Lionnes uzoba uriko utana mumitwe na Buja Queens

Igenekerezo rya 13 Munyonyo 2022:

 

– Umugwi Onze Etoile uzohura na Fofila PF , urwo rukino ruzobera ku kibuga c’ubuhinga kiri mu Ngagara CTN isaha zitatu zo mugitondo 9h00

– Intwarikazi nazo zizohura na Rainbow ku kibuga St Urunani isaha zine zo mugitondo 10h

– PVB Buyenzi izohura na La Colombe isaha zitanu zo mugitondo ku kibuga c’ubuhinga kiri mu Ngagara CTN isaha zitanu zo mugitondo 11h00.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 81