abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | Saidi Ntibazonkiza yafashije Geita Gold kunganya KMC

Umukinyi w’Intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza abandanya yigenza mu mugwi Geita Gold ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania .

Hari kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 11 Munyonyo 2022 , niho umugwi Geita Gold ukinamwo Saidi Ntibazonkiza hamwe n’umunyegori Arakaza Mac Arthur wari wakiriye umugwi KMC ukinamwo abarundi batatu aribo Styves Nzigamasabo , Mvuyekure Emanuel hamwe na Bigirimana Blaise mu rukino rw’indwi igira 11 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania NBC Premier League .

Urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganije igitsindo 1-1 , igitsindo ca Geita Gold cinjijwe na Saidi Ntibazonkiza ku munota wa 36 w’urukino .

Ku ruhande rwa Geita Gold , Saidi Ntibazonkiza na Arakaza Mac Arthue batanguye mu kibuga mugihe muri KMC , Mvuyekure Emanuel na Styves Nzigamasabo nabo nyene bari batanguye mu kibuga .

Mwomenyako Saidi Ntibazonkiza yinjije igitsindo inyuma yaho  ibimenyeshakuru vyo muri Tanzanie bimariye imisi biriko biravuga  ko uwo mukinyi yoba yagumutse bivanye n’uko aheraniwe n’uwo mugwi Geita Gold .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 94