abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | Birangiye Intamba mu rugamba zitsinze Guinée Conakry

Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba waraye utsinze Guinée Conakry w’abatarenza imyaka 23.

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 19 Munyonyo 2022 aho umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba wari uramutse ukina urukino rwa kivandimwe rwayihuje n’umugwi nserukira gihugu wa Guinée Conakry w’abatarenza imyaka 23.

Vyarangiye Intamba mu rugamba zitsinze Guinée Conakry igitsindo 1-0 , igitsinco c’Intamba mu rugamba cinjijwe na Pacifique Niyongabire asanzwe akina mu gihugu ca Australia, akaba ari  n’ubwa mbere akinira umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba .

Intamba mu rugamba zikaba zakinye urwo rukino zifise abakinyi bashika kuri 8 batararenza imyaka 23.

Mwomenyako urwo rukino rwari urugira kabiri rwa gicuti intamba mu rugamba zikiniye mu gihugu ca Maroc inyuma yo gukina na Côte d’Ivoire ikadutsida ibitsindo 4-0.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 94