Athletismekirundi_Sports

# Indundi Sports | Ikibuga co kwinonora imitsi ca Campus Kamenge kigiye kunagurwa

 

Inyuma y’imyaka itari mike ikibuga ca Campus Kamenge kirariko kirakora kumvo z’uko cari camaze kwononekara, ico kibuga kigiye kunagurwa gushasha.

Ivyo bikana vyaraye bishikirijwe na Adolphe Rukenganya mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu uheze igenekerezo rya 19 Munyonyo 2022.

Uwo yahoze arongoye ubushikiranganji bw’Urwaruka, inkino n’imicokama mu myaka iheze yabwiye abamenyeshamakuru y’uko iciyumviro co kunagura ico kibuga cavuye kuriwe bivanye n’uko yagendeye ico kibuga caramuye abanonotsi batari bake giteye agahinda bivanye n’ingene gisigaye kimeze , niho guca abwira abanonotsi biwe yamenyereje kera baba ku mugabane wa buraya muri kino gihe maze nabo bamwemerera kukinagura gushasha.

Adolphe Rukenganya yarashoboye kutubwira ibintu bikuru bikuru bazonagura kuri ico kibuga, ivyo navyo akaba ari ibi bikurikira :

– Gukuraho ivyatsi
– Gusukura imiserege
– kwubaka inkombe

-Gushiraho umusenyi umeze neza abanonotsi bashobora kwirukamwo

Uwo yahoze ari umushikiranganji w’Urwaruka , inkino n’imicokama kera arashimira bimwe bivuye ku mutima abo bahoze ari abanonotsi biwe ba kera kubona barashoboye kugira ico bafashije kugira ico kibuga kinagurwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 97