abakinyi bakina hanzeBasketballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Urunani rwaraye rutsinzwe na NBA Academy Africa

Umugwi w’Urunani waraye utsinzwe n’umugwi wa NBA Academy mu rukino rugira kabiri rwa Elite 16.

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 23 Munyonyo 2022, muri Africa y’epfo mu gisagara ca Johanesbourg ahariko habera ihiganwa rya RoadTobal Elite 16 aho umugwi Urunani wakina urukino rugira kabiri rwayihuje na NBA Academy Africa , urwo rukino rwarangiye Urunani rutsinzwe amanota 79 kuri 69 .

Amakuru twakuye i Johanesbourg ngo icatumye uwo mugwi utsindwa n’uwo mugwi ni ukurushwa igihagararo kuko hasigaye amasegonda 56 ngo urukino rurangire , Urunani rwarushwa amanota 2.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 24 Munyonyo 2022, Urunani ruza gukina na Captown Tigers wo mu gihugu ca Africa y’epfo .

Mwomenyako mu gihe Urunani rwozinda Captown Tigers ruzoca rukatisha itike yo kwinjiza mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’iryo higanwa rya Elite 16.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 116