Basketballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Urunani rwaraye rutsinze Cape Town Tigers yo muri Africa yepfo

Umugwi w’Urunani ubandanya uvyitwaramwo neza mu nkino za RoadTobal Elite 16 ziriko zibera i Johanesbourg muri Africa y’epfo.

 

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 24 Munyonyo 2022 , aho umugwi Urunani wa hano iwacu watana mu mitwe n’umugwi Cape Town Tigers wo muri Africa yepfo mu rukino rw’igice ca kane gishira icanyuma ca Roadtobal Elite 16.

 

Urwo rukino rwarangiye Urunani rutsinze Captown Tigers ruyisumbije amanota 10 , ( 59-49) , aho umukinyi Adonis Jovob Filer ariwe yinjije amanota menshi Urunani amanota 28.

Urunani rukaba rugiye guhura na Ferroviaro de Beira yo muri Mozambique mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma  ruzoba igenekerezo rya 26 Munyonyo 2022.

Mwomenya ko Urunani rutsinze urwo rukino ruzoba ruhonyoje amaguru yose mw’ihiganwa rya BAL , kuko mw’itsinda hazorengana imigwi 3 kuri 4 izokina urukino rwanyuma ( Finale) .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 98