abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Karim Makenz yaraye afashije Gasogi United gutsinda Kiyovu Sports

Umugwi Gasogi United ukinamwo uwahoze ari Kizigenza w’Intamba mu rugamba Nizigiyimana Karim waraye utsinze Kiyovu Sports ikinamwo abakinyi babiri b’abarundi Bigirimana Abedi hamwe na Nshimirimana Ismail .

Hari ku musi w’Imana igenekerezo rya 27 Munyonyo 2022, aho umugwi Kiyovu Sports wari wakiriye umugwi Gasogi United mu rukino rw’indwi ya 11 y’ihiganwa ryo mu Rwanda .

Urwo rukino rwarangiye Kiyovu Sports itsinzwe na Gasogi United ibitsindo 3-1 , muri ivyo bitsindo Gasogi yatsinze harimwo igitsindo ca Nizigiyimana Karim Makenz Kizigeza wakera w’Intamba mu rugamba .

kurundi ruhande igitsindo rukumbi ca Kiyovu Sports cinjijwe n’Umurundi Bigirimana Abedi .

Mwomenyako gushika muri kano kanya umugwi ufata ikibanza ca mbere mu Rwanda ari umugwi Rayon Sports usanzwe ukinamwo myugariro w’Intamba mu rugamba Ndizeye Samuel .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 162