homepagekirundimusic

Bain Turo, inyuma hafi imyaka ibiri atumvikana, araduhaye igisasu

Bain Turo isango yari yaramaze kuritanga y’uko igenekerezo rya 29 Munyonyo 2022
agiye kurekura indirimbo yiwe nshasha isango ryabaye ntabanduka.

Ni mugihe hari haciye imyaka irenga 2 yari amaze atakibarizwa muri Empire Avenue irongowe na Sat-B, kuva avuyeyo nta gikorwa na kimwe yari bwasubire gusohora, ivyateye amakenga benshi bakagumana ibibazo bataronkera inyishu bamwe bibaza ko yoba yarahevye umuziki abandi ngo yarakijijwe.

Inyishu ya vyose yayitanze mu kurekura indirimbo yiwe izwi kw’izina rya “Mukama” ikaba ibarizwa ku rubuga rwiwe rwa youtube Bain Turo.

Ni igiki wari ukumbuye kuri Bain Turo? Indirimbo yiwe wayumvise gute? Hari ico ubona yahinduye?
Tunyarukire kuri YouTube ku ndirimbo yiwe” Mukama” dusige commentaire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 279