BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yvan Muziki agiye gukorera igiteramo mu Barabu

Inyuma y’ugushira ahabona Indirimbo yiwe nshasha yise Nyash yakoranye na Deejay Pius, Yvan Muziki agiye gukorera igiteramo i Dubai.

Nk’uko yavyerekanye kuva ku musi wa mbere, uwo muririmvyi agiye kuzokorera igiteramo i Dubai kuri uyu wa 3 Kigarama 2022, akaba atazoba ari wenyene ahubwo azoba agiye aherekejwe na Marina, umwe mu baririmvyi b’abanyarwanda bamaze kuririmbana, Marina.

Ico giteramo kikaba kizoba kibaye ica mbere uwo muririmvyi akoreye muri ico gihugu c’abarabu, nk’uko yavyanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Yvan akaba azoba akoze ico giteramo inyuma y’igihe adakora igiteramo.

Mwomenya ko iyo ndirimbo yiwe nshasha imaze kurabwa n’abariko barababa 100,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 291