footballintamba murugamba

# Indundi Sports | Révérien Ndikuriyo arahumuriza aba Diaspora

Nk’uko mubizi buri kwezi uwurongoye comité ijejwe gukurikirana ibikorwa vyo kwubaka ikibuga c’Intwari Révérien Ndikuriyo ari kumwe na Prezida wa FFB Géneral de Brigade de Police Muyenge Alexandre hamwe na Ingénieur Méthode Ndikumagenge ariko yubaka ico kibuga bama batanga ikiganiro kubanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gusigurira abenegihugu aho ibikorwa bigeze no kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 30 Munyonyo 2022 niko vyagenze .

Amwe mu majambo yaraye ashikirijwe na Honorable Révérien Ndikuriyo, ni kuvyerekeye aba Diaspora bariko bibaza y’uko hoba hamaze gutangwa ama (Shops).

Révérien Ndikuriyo akaba yagize ati: “Bamwe bamaze imisi babaza muri Diaspora n’ahandi ngo mukwandika abakeneye ama (Shops) biriko bikorwa mu kinyegero , oya nta nakimwe kirakorwa mubahumurize , ntibibaze ko ariko atangwa mu kinyegero nitwatangura gutanga tuzobabwira”.

Honorable Révérien Ndikuriyo akaba yaciye yemera gutanga kontineri zigera kuri 3 z’ibiyo mugihe abifise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 113