BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo urutoke arutumbereza muri Cristal kwa Dj Paulin

Mugani Desire nawe yahavuye avuga kuri ca kibazo c’indirimbo z’abanyarwanda zivuzwa cane hano iwacu.

Uwo muririmvyi asanzwe atarabana ryiza n’abatavuza umuziki w’abarundi cane, Aho yagira ico ashikiriza kuri iyo nkuru yarimaze gusesa irangi ritari rike, uwo muririmvyi we yavuze ivyo batari bake batari biteze.

Ku bakurikiranira inkuru twabashikirije mu musi w’ejo, uwatanguje ico kibazo yari Dj Paulin asanzwe Ari umugwizatunga afise ubutambiro butari buke hano iwacu.

Mugani ha kuvuga ku ba Dj b’abanyarwanda nkuko abatari bake bariko barabikora, we iciyumviro ciwe carabishijwe ku ba Dj b’abarundi, basanzwe barimwo abahembwa n’uwo mugwizatunga yatanguje ico kiyago.

Mugani muvyo yashikirije akaba yavuze ko uwukwiye gutangura gutanga akarorero Ari bene ubutambiro noneho hakavuzwa izo ndirimbo ku rugero rwa 90%.

Big Fizzo akaba yarahanuye uwo mu Dj akaba n’umugwizatunga ko ahubwo ubwo butambiro bwiwe bwari bukwiye Kubanza kuvuza umuziki cane, ngo ico gihe niho n’abandi bazoheza bakabona gu posta izo ndirimbo z’abarundi.

Big Fizzo akaba abishikirije mu gihe akatari gake yidogera aba dj bo muma Boite de Nuit ko bari bakwiye Kuvuza Indirimbo za hano iwacu, gusumba kuvuza Indirimbo z’abanyamahanga.

Big Fizzo akaba yamenyesheje akatari gake ko ingendo yo kuvuza Indirimbo z’abarundi gusumba iz’abanyarwanda ngo ariyo izotuma abarundi bakunda ivy’iwabo, n’abanyamahanga bamenya ivyacu.

Big Fizzo Kandi akaba anakunda gushikiriza ko igituma abaririmvyi b’abanyamahanga baza Ari benshi Hano iwacu, Ari uko aba dj n’aba Promoter babamenyekanisha gusumba abarundi bene wabo.

Ico kibazo c’ibiteramo kikaba canavuzweko n’uwundi Aho yamenysha ko igituma abaririmvyi b’abanyamahanga basugurana ngo nuko abo baririmvyi bamaze kwifata neza ku mufuko, Kandi ivyo vyavuye ku barundi, kuko bari mu batumye babatungisha.

Dj Paulin akaba Ahanurwa ko yoraba ama Miliyoni ahemba abaririmvyi b’abanyamahanga baje mu biteramo hano iwacu akayaga abarundi, eka na Brarudi ikabikora uko, ngo nta nkeka mu gihe gito abo baririmvyi ngo bazoheza bagire Ijambo mu bihugu bibanyi.

Mwomenya ko ico kiyago kitarahera, ahubwo kibandanya kigwira. Abamaze kugira ico bashikiriza kuri ico kibazo hakaba harimwo Dj Briane na Kasuku bo mu Rwanda, co kimwe n’abandi batari bake ba hano iwacu barimwo Alvin Smith, Elsie Gretta n’abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 291