footballintamba murugambaUncategorized

# Indundi Sports | Buja Queens yaraye itsinze PVP Buyenzi

Umugwi Buja Queens waraye utsinze PVP Buyenzi ubandanya wifatira ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza mw’ihiganwa ry’abigeme Lumitel Women’s League.

Hari kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 04 Kigarama 2022 isaha zine zo mugitondo 10h ku kibuga ca CTN kiri mu Ngagara aho umugwi Buja Queens wari wakiriye PVP Buyenzi mu rukino rw’indwi igira 4 rwa Lumitel Women’s League, urwo rukino rwarangiye Buja Queens itsinze PVP Buyenzi ibitsindo 2-0 , ibitsindo vyinjiye mu gice ca kabiri c’urukino .

Ivyo rero bikaba vyaciye bituma Buja Queen ibandanya yifatira ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza.

Iyindi migwi yatsindanye uku gukurikira :

– Etoile M yanyagiye umugwi Rainbow ibitsindo 19 ku 0

– Fofila PF itsinda la Colombe ibitsindo 2 ku 0

– Les Lionnes yanganije na Onze Etoiles 0 ku 0

– Bon Avenir yatsinzwe na Intwarikazi ibitsindo 5 kuri 1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 135