abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_SportsUncategorized

# Indundi Sports| Styve Nzigamasabo niwe yatowe nk’umukinyi mwiza w’ukwezi muri KMC

Styve Nzigamasabo abandanya yigenza neza mu mugwi KMC wo mu gihugu ca Tanzania .

Hari ku musi w’Imana igenekerezo rya 04 Kigarama 2022 , aho umugwi KMC wari wakiriye umugwi Mbeya City mu rukino rw’indwi igira 13 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Tanzania (NBC Premie League ), urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganije igitsindo 1-1 .

Styve Nzigamasabo yatanguye urukino mugihe mugenziwe Mvuyekure Emmanuel atashoboye gukina urwo rukino kubera imvune .

Nyuma y’urwo rukino umukinyi Styve Nzigamasabo amaze imisi ari mu bihe vyiwe vyiza yaciye atorwa nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa Munyonyo mu murwi KMC .

Mukibuka y’uko Styve Nzigamasabo asanzwe avukana n’umukinyi Saidi Ntibazonkiza

What's your reaction?

Related Posts

1 of 181