BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abafana ba Meili ngo babe maso

Merveille benshi muzi nka Meili ngo igikorwa gishasha kiramota, ivyo uwo muririmvyikazi akaba aheruka kubishikiriza abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Akoresheje urwo rubuga nyene, yasangije abamukurikirana amashusho amwe amwe y’ifatwa ry’amasanamu y’indirimbo nshasha. Ayo mashusho akaba yasa n’ayo yaragize imisi asangiza abafana ariko agatera urujijo.

Uwo muririmvyi kuri urwo rubuga nyene yamenyesheje ko mu bubiko ngo ibikorwa biriyo kandi atari bike, akaba yanagiriyeko atanga igitigiri n’amazina y’indirimbo ziri ku bubiko.

Iyo liste yatanzwe na Meili hakaba harimwo amazina : Fine , Ma Fierte, Good Vibration, Motivation mood na Bonane. Iyo Liste ikaba yari yaherekejwe n’amajambo ko ata kamaro ko kugumiza abafana banyotewe mu gihe ibikorwa Ari à GOGO.

Abafana bakaba batahurije ku ndirimbo imwe, ariko Bonnane, Motivation Mood na Good Vibration ziba arizo zabonetse zisabwa cane gusumba izindi. Ubu rero hakaba hatazwi vyukuri iyizosohoka iyariyo.

Meili akaba yanerekanye amashusho ya John Elarts ariko arafata amasanamu y’indirimbo, Noneho ayakurikiza amajambo amubaza ryari ngo bosohora iyo ndirimbo bise ibombe.

Uwo muririmvyikazi akaba yaheruka gusohora akaririmbo Hari haheze amezi 3, ikaba Ari Indirimbo yakoranye n’umugande, YK Benda, Indirimbo yavugishije benshi kubera ururimi uwo muririmvyikazi yaririmvye.

Iyo ndirimbo ikaba imaze kurabwa incuro zababa 200,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube. Urwo rubuga rukaba rukurikiranwa n’abarenga gato 17,600, iyi ndirimbo buca asohora ikaba izoba Ibaye iya 6 asohoye kuva atangura career yiwe y’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 289