BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith ngo ntiyikoza Nelly Nat

Alvin Smith yavuze Nelly Nat mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo muririmvyi mu kiganiro na Hosy Irakoze ntiyigeze amuvuga mw’izina, ariko yumvikanye avuga ko uwo mwigeme yamuvuze cane, anavuga asa n’uwemeza ko anafise ivyemezo vy’ivyo yashikiriza ariko vyukuri ngo nta na kimwe yarafise.

Uwo muririmvyi kandi yavuze ko habura gato ngo akubite uwo mwigeme, ariko ngo akaba atashimye kubikora kuko ngo yabonye ko bushobora kuba ari uburyo bwo gushaka kumukwegera akarambaraye.

Alvin yavuze ko yasanze aramutse amukubise ngo yari guhava aja kwitwara noneho, bakamuca indishi y’akababaro y’ama Miliyoni y’ubusa gusa.

Alvin akaba yabishikirije avuga ko uwo mwigeme yavuze kw’itandukana ryiwe na Nirnah, eka anavuga ku vyiwe na Parrain wiwe wo kuri marriage. Nelly Nat akaba Ariwe mwigeme yamuvuzeko amajambo menshi Aho yanavuze ko kuva Parrain wa Alvin ashitse mw’ibohero, ngo ataraja kumuraba.

Alvin Smith we kubwiwe akaba adatahura ukuntu abantu bashobora gushingwa cane na Private life yiwe mu gihe badashaka gutumirira Bantu ngo baje kuraba Indirimbo yiwe nshasha aheruka gusohora. Ngo bikunde asubire abone ikintu ku mufuko kuko ubu ameze nabi.

Alvin Smith akaba iyo ndirimbo avuga Ari Indirimbo Turajana yakoranye na Bwiza umuririmvyikazi w’umunyarwanda, Indirimbo ikaba imaze indwi hafi 3, ikaba imaze kurabwa incuro ziriko zirababa 200,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 291