BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo : Iyisohoka imbere Nico kibazo

Ububiko bw’indirimbo za Mugani Desire benshi muzi nka Big Fizzo ngo bwoba bwuzuye ibikorwa bishasha. Ivyo n’ivyumvikana biriko birashikirizwa n’abo muri Bantu Bwoy.

Ikibura ngo hasohoke igikorwa gishasha ca Mugani Desire ngo n’uko abakurikiranira Big Fizzo kuri YouTube batarakwira 100,000, ivyo bishikizwa na Yassin umwe muba Promoter bakurikiranira hafi cane ivya Mugani Desire.

Ivyo uwo mu Promoter akaba yabishikirije mu gihe Big Fizzo nawe yariko abazanya na Lolly, Egide co kimwe na Manager Stein Indirimbo yobanza gusohoka.

Screenshot yabonetse ku rubuga rwa Instagram rwa Yassin rwerekanye ko Big Fizzo avuga ko yasanishije iyo ndirimbo yipfuza gusohora ubwa mbere hamwe n’ibombe bise Satan 2.

Ubwo butumwa abajijwe ntibaretse kugira ico bamubwiye kuko Manager Stein yasavye Mugani kwihangana ngo habanze hasohoke Piano. Ntitwabashije kumenya nimba Piano ari izina ry’indirimbo canke Ari Indirimbo iririmbwe hifashishijwe Piano gusa.

Egide bakunze kitwa Egidology akaba nawe yishuye Mugani Desire ko yobanza akarindira ngo bakabanza kwugara imipaka, kugira ntihagire uwucaruka.

Ubwo butumwa buriko butangwa mu gihe Manager Stein aheruka kwumvikanisha ko Indirimbo Mugani azosohora ishobora kuzoba Ari Rap, Kandi uwo mudiho akunda kuwukoresha mu gushikiriza akari ku mutima.

Uwo muririmvyi akaba aheruka gusangiza abamukurikirana amwe mu ma foto bishoboka ko yafashwe kw’ifatwa ry’amasanamu y’imwe muri izo ndirimbo ziri mu bubiko.

Ku basanzwe bakurikiranira amakuru tubashikiriza, tukaba tugize igihe Tugaruka ku makuru avugwa kuri iyo ndirimbo, aho Big Fizzo yaheruka kuvuga ko yumva hageze ko hashirwa ahabona igikorwa gishasha.

Mukibuka ko iyo ndirimbo ishobora gusohoka imbere yuko igenekerezo rya 15 /12 umusi umugwi wose ukorana na big Fizzo uzoba uramutse uhimbaza isabukuru ry’imyaka 5 Bantu Bwoy ishinzwe, tubibutsa ko kwinjira 65,000 ku muntu hamwe n’120,000 kuri Couple.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294