BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo ngo agiye guserura akari ku mutima

Naho tutazi ko ashobora kuba ariwe canke ari uwundi, ariko ya Ndirimbo Mugani Desire yemeye ko buca asohora, umudiho izoba irimwo ushobora kuba wamaze kumenyekana. Uwo nawo ukaba watanzwe na Manager wiwe ariwe Edith Stein akanaba n’umutambukanyi wiwe.

Ku bibuka, muri ino misi mu makuru twagiye tubashikiriza, twagiye tugaruka cane ku makuru ya Mugani Desire aho yagiye asiga ibimenyetso bijanisha kw’ishirwa ahabona ry’indirimbo yiwe nshasha.

Naho ataratomora neza ivy’iyo ndirimbo, uwo muririmvyi amaze igihe adashira ahabona akaririmbo kiwe bwite ariko akumvikana mu ndirimbo yaba yafashije abandi, iyo ndirimbo yo iri mu nzira kandi bishoboka ko ari vuba gusumba.

Nkuko amakuru mashasha yabonetse avyerekana, ngo iyo ndirimbo nshasha ya Mugani Desire binashoboka ko n’amasanamu yahejeje gukorwa, ikaba izumvikana iri mu midoho wa Rap nkuko Manager stein yavyumvikanishije.

Iyo nkuru dukesha Yassin isoko ry’ayo ni kuri Status ya Stein Aho uwo muvyeyi yanditse ko umudiho wa Rap umose. Kuko abatari bake bazi ko uno musi uwusigaye muri Bantu Bwoy yerekanywe na Big Fizzo, ubu ijisho rirabishwa kwa Mugani Desire.

Iyo ndirimbo ishobora kuzoba ifise akazina ka NDABIZI, ikaba nkuko naheruka kubishikiriza izoba ariyo ndirimbo ishikana Mugani Desire mu gitigiri c’abafise aba Subscribe Barenga 100,000 kuko gushika ubu hagisigaye abarenga 1300 ngo bakwire. Uwo muririmvyi akaba aca aza ku mwanya wa 2 Inyuma ya Sat-b mu kugira abamukurikirana benshi kuri YouTube.

Ku bavyibuka neza, uwo muririmvyi akaba ataheruka gushira ahabona Indirimbo iri muri uwo mudiho. Uwo mudiho Kandi ukaba ariwo mudiho Big Fizzo akoresha mu gushikiriza akamubakiye, Aho akenshi kunda kuvuga Ababa bamugeramiye muri iyo misi.

Ku bavyibuka Indirimbo nka Leave Me Alone, konzi, Fye canke What’s my name n’indirimbo ziri mu mudiho wa Rap Kandi ubutumwa burimwo s’ubw’umunezero ahubwo n’akababaro kadasanzwe yaba afise katuma yandika ikiri ku mutima.

N’ubu rero ako karirimbo Ndabizi nikaba karabishwa muri Rap, uwo muririmvyi akaba ashobora kuba agiye kuvuga umuntu canke abantu bagize igihe batamworoheye, kuko Big Fizzo Ari mu gitigiri c’abatarya umunwa.

Iyo nkuru ya Rap ikaba ishitse mu gihe yimirije guhimbazanya n’umugwi wose bakorana, imyaka 5 iheze uwo muririmvyi ashinze Bantu Bwoy, inzu isanzwe ifasha abaririmvyi kuva ku kwandika gushika ku guca amafaranga avuye mu Muziki.

Mwokwibuka ko Indirimbo ya nyuma Big Fizzo Hangama imaze amezi ariko arababa 11 ishizwe ahabona. Ku rubuga rwiwe rwa YouTube iyo ndirimbo ikaba imaze kurabwa incuro zirenga gato 88,000, Kandi ikaba Ari Lyrics Video.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294