BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Double Jay yahavuye aterera i Kigali imigere ibiri

Ya misi myinshi ba basore bo muri Billiman Boy bamaze i Kigali, ntibayipfishije ubusa, kuko bwa bundi naho bari bajanwe na kamwe, bahavuye baca bagenda bafashije n’abandi.

Hampande y’inzoga n’ibebi, Double Jay yahavuye akorerayo iyindi ndirimbo. Iyo ndirimbo ikaba ngo ishobora gusohoka umwanya n’umwanya, nk’uko amakuru ava i Kigali avyemeza.

Iyo ndirimbo uwo muririmvyi azumvikanamwo, ikaba atari Indirimbo yiwe ahubwo ari Indirimbo y’umunyarwanda azwi kw’izina rya papa cyangwe.

Ayo makuru y’iyo ndirimbo akaba yatanguye kuvugwa cane inyuma yaho uwo muririmvyi asangije abamukurikirana barenga 158,000 ku rubuga rwa Instagram, Cover y’iyo ndirimbo bise Yale Yale.

Ubutumwa bwaherekeje iyo ndirimbo akaba aruko igiye gushirwa ahabona vuba, naho atashizeko itariki nyezina. Nayo bamukurikirana batari bake bakaba bashimye iyo ngendo yo gushima gufatanya n’Abandi.

Iyo ndirimbo ikaba itazoba ibaye iya mbere uwo muririmvyi akoranye n’umurundi, kuko yabanje gukorana na Olegue Indirimbo bise Nzoze imaze kurabwa incuro zirenga 460,000 ku rubuga rwa YouTube rwa Rocky Entertainment, kuko ariyo yari management yakorana nayo ico gihe.

Ubwo ko bitanguye uko, bikaba bigoye kuvuga ariko bikaba bishoboka ko na Kirikou yoba yarakozeyo iyindi ndirimbo, naho ataco barabasha kubivugako.

Mukibuka ko abo basore uko Ari 2 bari mu baririmvyi ba hano iwacu bakunzwe cane, kuko Indirimbo zabo co kimwe n’izo barimwo zakunzwe cane muri uno mwaka.

Indirimbo zakunzwe akaba Ari nk’ibisusu, co kimwe n’indirimbo yooh RMX bafashije umugwi w’abasore bavukana Treyzo na rap boy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294