BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hagati ya Yvan Muziki na Marina ngo urukundo nirwo rwivugura

Mu gihe Yvan Muziki na Marina babarizwa i Dubai aho bajanwe n’ugukora igiteramo cari kuba igenekerezo rya 3 kigarama, ariko kikabona kwunguruzwa, ngo boba bamotako urukundo naho bashaka kubihishahisha.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, uwo mu mugwi werekeje i Dubai ku musi wa gatanu, ukaba wajanywe n’ugukora igiteramo co kuri uyu wa gatandatu, ico giteramo kikaba ari kimwe nari mpejeje kuvuga ko cari gitegekanijwe kuri uyu wa 3 kigarama.

Abo uko ari 2 bakaba batazokora ico giteramo co nyene, kuko ngo igenekerezo rya 14 kigarama, Yvan Muziki na Marina bazokora ikindi kizobera mu bwato, nkuko amakuru ava kuri ico kinyamakuru igihe abandanya abishikiriza.

Naho rero ibibajanye ari umuziki, ngo abo boba bafashe n’umwanya wo kuba hamwe nk’abakundana, nkuko bishikirizwa n’umwe muri ba munwa Urwanda rufise ariwe azwi kuri Instagram nka The Cat.

Uwo akaba yasanishije ivyo bagiye bambaye, n’uko coba ari ikimenyetso ko bari mu rukundo rukaze. Abo uko ari 2 bakaba bagiye bambaye impuzu zisa na Orange.

Ivy’uko Yvan Muziki na Marina boba bari mu rukundo, bikaba atari bishasha kuko bimaze imisi bivugwa, ariko bo bakavuga ko ari incuti za hafi gusa.

Mukibuka kandi ko Yvan Muziki na Marina bafitanye Indirimbo. Iyo ndirimbo ikaba yanashizwemwo Masamba, ubona ko iyo ndirimbo ari RMX y’indirimbo Urugo Ruhire y’iyo nararibonye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 291