abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

#Indundi Sports| Lumitel Women’s League : La colombe yaraye inganije na Buja Queens

Imigwi y’abigeme la Colombe na Buja Queens yaraye inganije.

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Kigarama 2022 isaha zitatu zo mugitondo , aho umugwi La Colombe wari uramutse wakira Buja Queens mu rukino rw’indwi igira 4 rw’ihiganwa ry’abigeme Lumitel Women’s League, urwo rukino rukaba rwarangiye imigwi yose inganije igitsindo 1-1 .

La Colombe niyo yatanguye kwinjiza igitsindo biciye kuri Peace Olga Niyomwungere gice kigomborwa mu minota ya nyuma y’urukino na Espérance Habonimana Tchiba .

Iyindi migwi yatsindanye uku gukurikira :

– Onze Etoiles yatsinzwe na Etoile M ibitsindo 4 kuri 1

– Intwarikazi yatsinze Les lionnes ibitsindo 3 ku 0

– PVP Buyenzi yatsinze Bon Avenir ibitsindo 16 ku 0

– Rain Bow itsindwa na Fofila PF ibitsindo 21 ku 0.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 122