abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

#IndundiSports| Arakaza Mac Arthur mu bakinyi beza b’abanyamahanga bakina muri Tanzania bavyitwayemwo neza

Umunyegori w’Umurundi asanzwe akinira umugwi Geita Gold , Arakaza Mac Arthur yashizwe ku rutonde rw’abakinyi 18 b’abanyamahanga bavyitwayemwo neza mu gice ca mbere c’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihigu Tanzania ( NBC Premier League).

Ivyo tukaba twabisomye mu kinyamakuru co mu gihugu ca Tanzania citwa Bongo Soka. Umunyegori w’umurundi Arthur Arakaza akaba yari yashizwe ku rutonde rw’abakinyi bo gusubirira abandi. Arthur niwe yama atangura mw’igori ry’umugwi Geita Gold , akaba akinana n’uwundi mukinyi w’umurundi ariwe Saidi Ntibazonkiza.

Mwomenya ko Arakaza Mac Arthur ariwe murundi wenyene yashizwe kuri urwo rutonde rw’abakinyi 18.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 122