BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kirikou ngo yivugira ikinyarwanda gusa

Inyuma y’ukumara igihe abarizwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda, uwo muririmvyi yatanguye kwagirizwa kubigana.

Uwo muririmvyi akaba n’umwe mu banditse indirimbo Inzoga n’ibebi igize imisi mike iriko irakinyiganza, yavugisha benshi, ngo asigaye avuga ikinyarwanda gusa.

Ico kinyarwanda, uwo muririmvyi acagirizwa n’umwe mu bamenyeshamakuru basanzwe bakorera hano iwacu, uwo nawe ni Ami Pro.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo mumenyeshamakuru akaba n’umu MC, yavuze ko Kirikou ama Video agize imisi asohora aza yumvikana avuga amajambo y’ikinyarwanda.

Kubwa Ami Pro, ivyo bikaba bibabaje kuko uwo muririmvyi ngo yarabaye muri ico gihugu umwanya urume rumara.

Uwo mumenyeshamakuru akaba kubwiwe avuga ko abo babanyi bacu ngo babatwenga iyo bumvise abantu bavuga ururimi rwabo.

Ico kibazo kikaba Atari irya mbere kivutse, kuko akatari gake, abarundi batemberera mu Rwanda bakunzwe kubwirwa ko bakwiye kuraba bakikebuka kuko iyo bamaze kabiri muri ico gihugu, ngo bituma bahinduka nk’uruvo, noneho bagatangura kuvuga nk’abanyarwanda.

Abaterekwa iyo nyifata bakaba batangazwa n’uburyo abanyarwanda nubwo aba amaze imyaka itari mike hano iwacu, ngo adashobora guhindura ururimi noneho ngo avugwe ikirundi.

Naho uwo mumenyeshamakuru yashikirije akamubakiye kuri uwo muririmvyi akaba yari yatanguye avuga ko uwo muririmvyi akwiye gushigikirwa, eka nawe nyene ngo arimwo mu bamushigikira kuko ari mu baririmvyi b’abarundi bariko bitwara neza.

Ivyo bikaba bibonetse inyuma yaho rero nkuko nari nabivuze agarukiye I Bujumbura avuye I Kigali, Aho yaramaze imisi itari mike. Uwo muririmvyi akaba yahakoreye igikorwa cakunzwe n’abatari bake. Ico gikorwa nkuko nari nakivuze, akaba Ari Inzoga n’ibebi cakorewe I Kigali.

Iyo ndirimbo ikaba yabonetsemwo abaririmvyi 3, Kirikou, Double Jay barikumwe muri Bantu Bwoy, hamwe na Bruce Melodie, umwe mu baririmvyi bakunzwe cane I Kigali mu Rwanda.

Ico gikorwa kikaba cabonetse ku rubuga rwa YouTube rw’umuririmvyi Double Jay, naho ngo abataberekwa bashatse kutacorohereza ngo gisohoke, ariko Imana irakinga, ariko ubu kikaba kiri ku mugaragaro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294