BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Olegue ashaka gukoresha abana bato

Abana bato nabo bari mu gitigiri c’abo umuririmvyi Olegue ashaka gukoresha mu ndirimbo ziwe nshasha ariko aratunganya muri ino misi.

Uwo muririmvyi arindiranywe igishika cinshi, bivanye n’urukundo akundwa n’abafana batari bake, ariko kandi n’ibihe bitoroshe aheruka gucamwo, akaba aheruka gusaba ngo umuvyeyi yipfuza ko uwo muririmvyi yomukoresha mu masanamu y’indirimbo yiwe ko yomwandikira.

Nkuko tabashije kubibona ku rubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muririmvyi yanditse asaba abafise abana bari hagati y’umwaka 1 n’imyaka 12 bipfuza kuja muri Clip yiwe ko bomwandikira.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe hagize igihe hariko haboneka amasanamu y’uwo muririmvyi ari mu nzu zihinyanyura amasanamu, akaba aboneka ko ariko aratunganya amajwi y’indirimbo nshasha.

Naho atawuzi ko ariyo izokurikira, uwo muririmvyi yari yemeye ko agiye gukora Indirimbo igaruka ku gushima Imana. Ukwo gushima kukaba guhagaze kuko ngo yamuziganye.

Ku batavyibuka, uwo muririmvyi akaba yamaze amezi arenga 6 mw’ibohero rikuru ya Mpimba, Aho yarafunzwe irigira kabiri azira ibikorwa bijanisha mu Muziki, yaba yakoze ukudashimwa n’abatari bake.

Uwo muririmvyi akaba yanaheruka gushikiriza ko Indirimbo amaze kwandika atari imwe gusa, ariko Ari izitari nke, kuko ngo Aho yari mw’ibohero yaronse umwanya mwiza wo kwandika.

Olegue niyasohora iyigaruka kuri ico gikorwa, akaba azoba asa n’uwuhinduye ubutumwa bukunda kwumvikana mu Muziki wiwe. Igituma nuko atakari gake akunze kwumvikana ateza uruhagarara bivanye n’ubutumwa bwumvikana mu ndirimbo ziwe.

Ubwo butumwa nkuko abatari bake bakunze kubishikiriza, ngo si bubi ariko bukaba butangwa uburyo butari bwo, kuko akorwasha imvugo itari Nziza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294