kirundi

Emery sun ngo ntagucika intege ibiteramo azovyitegurira

Emery sun n’umuririmvyi mwiza Kandi amaze igihe kitari gito mu mwuga wo kuririmba indirimbo ziwe zirakundwa, ariko ikibazo akaba ari uko adakunda kuboneka mu biteramo.

 

Yama ariko aridogera abategura ibiteramo ko bafise abaririmvyi babo bashira imbere ariyo mpamvu wewe batamwerekwa.

Indirimbo ziwe zibiri indyarya na Tagata zarabiciye biracika ninazo ubu abakunzi biwe babandanya bashigikira hirya nino.

Kubwivyo rero Emery sun yanse guhemukira abakunzi biwe ngo agiye kubasanga iyo bari hose hagati mu gihugu
akaba yaratanguriye i Gitega araja mu Rumonge ubu naho igenekerezo rya 25 Kigarama azoba ari I Musigati igenekerezo rya 26 mu Ruyigi uyu mwaka nyene, hama igenekerezo rya 1 Nzero 2023 azoba ari I Bujumbura.

Ntagusiba rero muzoje kumushigikira akabirya ka Emery sun nuko atanga umuziki w’ikibiriraho (music life)

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 209