BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith yatanze umuco kw’ivana ryiwe n’umugore rivugwa

Ku kibazo abatari bake bagize imisi bibaza ko umuririmvyi Alvin Smith yavanye n’umugore wiwe, Nirna, yahavuye atanga umuco kuri iryo vana ryiwe n’umugore rivugwa.

Akoresheje urubuga rwa Instagram rwiwe, Alvin yidogeye abantu bagize imisi bakwiragiza hirya no hino ivy’iyo nkuru y’ivana ryiwe n’umugore, mu gihe afise indirimbo nshasha yasohoye ariko abantu badashaka kubivugako.

Muri iyo Video, uwo muririmvyi akaba yavuze ko ata n’umwe azoshobora gutuma we n’umugore wiwe bavana. Ivyo akaba yanabishikirije mu kiganiro yagiranye na Hosy Irakoze aho yavuga ko ugufuta amafoto y’umugore wiwe kuri social media ziwe bidasiguye ko yamuhevye.

Alvin Smith muri ico kiyago na Hosy yari yanashikirije ko kugira umugore n’umugabo bagere aho gutandukana ngo bisaba ko haba hari ikintu gikomeye kiba cabaye. Ukwikeka ko uyu canke uriya yamuciye inyuma ngo s’ico cotuma batandukana.

Alvin Smith muri ico kiyago nyene yanamenyesheje ko yafuse ayo mafoto kuko hari hageze ko bubaka urugo rwabo, rutarabwamwo na bose.

Nayo ku mwerekana ngo yabikoze abizi kandi abishaka, kuko yashaka ko hatabaho ugushaka kubona ko aba Artist baterekana abagore babo ngo kugira bigumire mu mafuti babamwo, ahubwo yashaka ko abantu bamenya ikibanza afise noneho nibamubonana n’uwundi mukobwa babivuge nawe yisigure.

Alvin Smith akaba abishikirije mu gihe hari hagize igihe hari amakuru ko yatandukanye n’umugore, abantu bakavuga vyinshi, birimwo ko yoba yashimye kwegera Bwiza bakoranye Indirimbo noneho umugore wiwe akamushira ku ruhande, n’ibindi vyinshi.

Mukibuka ko Alvin mu kiganiro yagiranye na Yago yigeze gushikiriza ko ababazwa n’ukuntu umugore wiwe afuha iyo yakoranye n’umukobwa. Ivyo akaba yavyegeka ku baja kuvuga ayamuhe bakamumera, nawe agatinda ashira ibigwanisho hasi, kuko muri rusangi ngo uwo mugabo y’ama abwira umugore wiwe ivyo arimwo, kandi ngo foto yose isohoka aba yabanje kuyibona.

Mwomenya ko Smith afise Indirimbo zitari nke nshasha zirimwo iyo yakoranye na Bwiza yamaze gusohoka, ariko hakaba hari n’izindi zitarasohoka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294